#Burundi: Ishirahamwe Ritanga Amazi n’Umuyagankuba Regideso Riramutswa Abarongoye Ibisata Bashasha.

No mu gihugu hagati baragiye barahindura bamwe bamwe abaserukira Regideso mu ntara.

Ishirahamwe ritanga amazi n’umuyagankuba Regideso riramutswa abarongoye ibisata bashasha hamwe n’abaserukira iryo shirahamwe bamwe bamwe mu gihugu hagati ngo nabo nyene bararahinduwe. Ivyo vyashikirijwe kuri uyu wa kane n’umushikiranganji w’amazi, ubutare, n’agataka ahejeje kubonana n’abakozi b’ikigo kiraba ubutare n’ama carrières OBM.

Côme MANIRAKIZA amanyesha ko bagendeye ishirahamwe rya regideso hari mu nama ya bose niho muvyo baganiriye basaba yuko bahindura uko inzego zisanzwe zitunganijwe. Ngo ivyo babisavye kuko bari babonye yuko abahari batariko barakora  ku neza y’ishirahamwe. Regideso yari yahawe rero ikiringo c’indwi imwe.

Côme MANIRAKIZA amanyesha yuko abakozi bahinduwe. Ngo ubu Regidezo iramutswa abashinzwe ibisata bashasha, no mu gihugu hagati baragiye barahindura bamwe bamwe abaserukira Regideso mu ntara.

Mukurangiza, Côme MANIRAKIZA amenyesha yuko  ico bagomba gukora ari  kubagirisha inama yihuta kugira ngo babahe intumbero bakorerako.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: