Lionel Messi Arakarira Cane Imirwi Yo Mubwongereza Muri Champions League.

Mu mirwi Lionel Messi amaze gutsinda ibitsindo vyinshi icenda ni Arsenal mu nkino 6 gusa.

Mugihe aherutse gutsindira umurwi wiwe wa FC Barcelona ibitsindo bibiri muri bitatu watsinze Mancher United. Lionel Messi kizigenza wa FC Barcelona yaciye akwiza  bitsindo 24 amaze gutsinda imirwi yo mu bwongereza muri Champions League  mu nkino 34 amaze guhura nayo kiretse Liverpool gusa amaze guhura nawo kabiri ariko atagitsindo arawutsinda nkuko Ikinyamakuru Squawka kivyerekana.

Photo credit: Squawka

Mu mirwi Lionel Messi amaze gutsinda ibitsindo vyinshi icenda ni Arsenal mu nkino 6 gusa. Izi nizo nkino Leo Messi yagiye arahura niyo mirwi hawe n’ibitsindo yayitsinze:

Chelsea Inkino icumi amaze kuwutsinda ibitsindo 3. Arsenal inkino 6 amaze kuwutsinda ibitsindo 9. Manchester United inkino 6 ibitsindo 4. Tottenham inkino 2 awutsinda ibitsindo 2. Liverpool Inkino 2 Ntagitsindo arawutsinda.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: