#Burundi: Rukinzo FC Ihejeje Kuronka Uburengazira Bwogukina Urukino Rwanyuma rw’Igikombe Citiriwe Umukuru w’Igihugu.

Rukinzo FC ubaye umurwi wa mbere uronse uburengazira bwo gukina urukino rwanyuma mukurindira  ko hamenyekana uyundi murwi uzowuhamvya hagati ya Inter Star na Aigle Noir bazotana mu mitwe kuri uyu w'Imana.

Murukino rw’igice ca kabiri gishara icanyuma rwambere rwakiniwe hariya i Gitega ku kibuga Ingoma ruhejeje kurangira kuntsinzi y’umurwi wa Rukinzo FC utsinze Ngozi City ibitsindo bitatu kuri kimwe (3-1).

Igice ca mbere c’urukino carangiye imirwi yose inganije (0-0), ariko mugice ca kabiri kigitangura umurwi wa Ngozi City uca uraronka igitsindo ca mbere ariko Rukinzo FC irabandanya isatira Ngozi City gutyo uza kuronga igitsindo cokugombora ndetse ishiramwo nicakabiri. Hasigaye iminota hafi indwi kugira ngo urukino rurangire Rukinzo FC ironka igitsindo ca gatatu, urukino ruba rurangira kuntsinzi ya Rukinzo FC ya (3-1).

Rukinzo FC ubaye umurwi wa mbere uronse uburengazira bwo gukina urukino rwanyuma mukurindira  ko hamenyekana uyundi murwi uzowuhamvya hagati ya Inter Star na Aigle Noir bazotana mu mitwe kuri uyu w’Imana.

  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Only Abanywanyi bonyene nibo barekuriwe kwandika ivyiyumviro vyabo hano.