#Burundi #Algeria: Fiston Abdoul Razaq Yinjije Ibitsindo Bibiri Murukino Rwabahuje Na MC Oran.

Fiston Abdoul Razaq aciye akwiza ibitsindo 7 amaze gutsindira JS Kabylie muruno mwaka w'inkino.

Murukino rw’indwi ya 26 yo mw’ihiganwa ryo mu gihugu ca Algeria Ligue 1 rwariko ruhuza umurwi wa JS Kabylie na MC Oran rwarangiye kuntsinzi ya JS Kabylie y’ibitsindo (4-2). Fiston Abdoul Razaq umusatirizi w’umurundi asanzwe akinira JS Kabylie yinjirije umurwi wiwe ibitsindo bibiri murivyo 4 batsinze MC Oran.

Photo credit: compétition.dz

Ivyo bitsindo bibiri akaba yavyinjije ku munota wa 3 no ku munota wa 58. Fiston Abdoul Razaq aciye akwiza ibitsindo 7 amaze gutsindira JS Kabylie muruno mwaka w’inkino mugihe umurwi wiwe ubarizwa mu kibanza ca kabiri n’amanota 43, USM Alger niwo ufata ikibanza ca mbere n’amanota 46 muri Algeria Ligue 1.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: