#Burundi: Irekurwa ry’Abanyororo Rivuye ku Kigongwe c’Umukuru w’Igihugu Ngo Rifasha Kugabanya Ubwinshi bw’Abanyororo.

Ngo mu gitabo mpanavyaha c’u Burundi ubu birarekuwe ko iyo umucamanza abona neza ko igihano aza gucira uyo muntu kitarenza imyaka ibiri ko atamucira ugufungwa, ivyo vyotuma abantu bagabanuka mu busho.

Irekurwa ry’abanyororo rivuye ku kigongwe c’umukuru w’igihugu ngo rifasha kugabanya ubwinshi bw’abanyororo mu busho. Ivyo bishikirizwa n’umushingwamanza Salvator MINANI icegera c’umukuru w’ishirahamwe AJEBU Ndenderingingo hari kuri uyu wa kabiri mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru.

Salvator MINANI akavuga ko iyo ngingo yo nyene idakwiye kuko ubusho bwinshi mu Burundi buguma bufise ibitigiri birenze y’ivyo bwateregezwa kuba bufise.

Ngo nko muri prison central ya Mpimba bafise gushika uno musi abanyororo barenga incuro zitano abo bategrezwa kwakira. Ivyo bigatuma ubuzima bw’abanyororo bugenda nabi haba muvyo gufungura, muvyo kuryama n’ibindi.

Salvator MINANI avuga ko ivyo bituma kandi n’abajejwe gutunganya iryo bohero bitaborohereza kuko igitigiri nk’ico gica kibagora rwose.

Ngo ivyo bituma kandi  abantu bunguruzwa bava mu busho baja mu bundi kugira barabe ko boronka ahari ibitigiri bito, ivyo navyo bigaca bituma baja kure y’ababo.

Ngo kugira ivyo bitigiri bigabanuke, Salvator MINANI asaba rero ko ama sentare atoshira imbere gufungwa kuko hariho ibindi bihano bishobora gucibwa umuntu yakoze icaha. Ngo hariho ibikorwa bishobora kugirira akamaro abantu muri rusangi.

Ngo mu gitabo mpanavyaha c’u Burundi ubu birarekuwe ko iyo umucamanza abona neza ko igihano aza gucira uyo muntu kitarenza imyaka ibiri ko atamucira ugufungwa, ivyo vyotuma abantu bagabanuka mu busho.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: