Chistiano Ronaldo Junior Yatahukanye Agashimwe K’umusatirizi Yinjije Ibitsindo Vyinshi.

Chistiano Ronaldo Junior umusatirizi wa Juventus U9 niwe yabaye umusatirizi wa mbere yinjije ibitsindo vyinshi mirongo ibiri na bitanu (25 buts) muriryo higanwa.

Mw’ihiganwa mpuzamakungu ry’imirwi yabakiri bato  ryariko ribera mu gihugu ca Portigal ariryo  « International Marítimo Centenário », Chistiano Ronaldo Junior umusatirizi wa Juventus U9 niwe yabaye umusatirizi wa mbere yinjije ibitsindo vyinshi mirongo ibiri na bitanu (25 buts) muriryo higanwa.

photo credit: Maxifoot.

Iryo higanwa ryari ryitabiriwe n’imirwi ishika kuri majana biri na cumi (210 équipes ) yabakiri bato hamwe n’abakinyi bashika ku bihumbi bitanu (5000 joueurs). Uyo musatirizi wa Juventus wabatarenza imyaka 9 akaba yaryoheye se wiwe Chistiano Ronaldo umusatirizi wa Juventus nkuko ibinyamakuru vyo muri Portugal bivyandika.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: