Rwanda: Ibintu Bitatu Vyatumye Irambona Masudi Djuma Yirukanwa Muri AS Kigali!

Masudi  Djuma Irambona yagirizwa kucamwo imice abakinyi  ngo abayobozi ba AS Kigali barakunze kwakira ibirego vyabakinyi bagiriza uyu mumenyereza. 

Kuri uyu wa kabiri mu masaha y’ijoro niho vyaje gushirwa ahabona ko umurwi wa AS Kigali wirukanye umumenyereza w’Umurundi, Irambona Masudi Djuma batazira (Commandent). Hambavu yo kuba yagirizwa umwimbu udashemeye muri AS Kigali aho ubarizwa mukibanza c’indwi n’amanota 30. Amakuru dukesha ikinyamakuru Inyarwanda.com co kivugako hariho ibintu bitatu vyatumye AS Kigali yirukana Masudi Djuma.

  1. Masudi  Djuma Irambona yagirizwa gucamwo imice abakinyi  ngo abayobozi ba AS Kigali barakunze kwakira ibirego vyabakinyi bagiriza uyu mumenyereza. 
  2.  Masudi Djuma yahaye  Rayon Sports igikombe ca Rwanda Azam Premier League 2016-2017, yagirizwa kutubaha inzego  na komite za AS Kigali.
  3. Masudi Djuma yagiziwa kandi kudatanga umwimbu ushimisheje mugihe mu mwaka w’inkino 2017-2018, ikipe ya AS Kigali FC yamenyerezwa na Eric Nshimiyimana yarangije ihiganwa iri mukibanza ca  kabiri muri ubu ikaba iri mu kibanza c’indwi n’amanota 30.

 

Nshutiyamagara Ismael Kodo na Mateso Jean de Dieu nibo bahawe kubandanya bamenyereza ivyimfata kibanza AS Kigali.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: