#Burundi: Star Football Academy Yakiranye Umubabaro Udasanzwe Urupfu Rwa Papy Faty.

John Clinton NSENGIYUMVA yamenyesheje ko Academy aserukira yifadikanije n’Igihugu c’Uburundi, Amakungu, Umuryango wabuze, umurwi Intamba Murugamba, Malanti Chiefs FC hamwe n’abakunzi b’umupira wa maguru muri rusangi kurupfu giturumbuka rw’incuti yabo mukundwa Papy FATY.

Mw’ikete ryashizwe ahabona kuri uyu wa gatanu n’Ishure ryigisha umupira w’amaguru rya Star Football Academy ryamenyesheje ko  ryakiranye umubabaro udasanzwe urupfu giturumbuka rwa Papy Faty umukinyi w’INTAMBA MURUGAMBA aherutse kw’itaba Imana kuri uyu wa kane ari mukibuga mu gihe umurwi wiwe wa Malanti Chiefs FC wo muri Eswatini wariko uratana mumitwe na Green Mamba.

Uwusanzwe aserukira imbere y’amategeko Star Football Academy igizwe n’imirwi 12, John Clinton NSENGIYUMVA yamenyesheje ko Academy aserukira yifadikanije n’Igihugu c’Uburundi, Amakungu, Umuryango wabuze, umurwi Intamba Murugamba, Malanti Chiefs FC hamwe n’abakunzi b’umupira wa maguru muri rusangi kurupfu giturumbuka rw’incuti yabo mukundwa Papy FATY.

Star Football Academy ryarangije muriryo kete rivugako ivyiyumviro vyaryo hamwe n’abakinyi bayo bifadikanije n’umuryango wabuze mu kwibuka ibihe vyizi bagiranye na nyakwigendera bakaba bamwipfurije kuruhuka muma mahoro.

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Only Abanywanyi bonyene nibo barekuriwe kwandika ivyiyumviro vyabo hano.

Shares