#Burundi #BreakingNews: Olympic Star Igarukanye Abakinyi Bayo Ibakuye Muri Musongati FC.
Abo bakinyi bari baravuye muri Olympic Star bakurikiye umumenyereza wabo Nahimana Husein Welo ico gihe yari muri Musongati FC.
Umurwi wa Olympic Star wo mu ntara ya Muyinga warangije Ihiganwa rya Primus League Burundi ryo mu mwaka w’inkino uheze 2018-2019 mukibanza c’icumi (10) n’amanota 37. Biraboneka ko muri uyu mwaka ukurikira ko uyo murwi wipfuza kugarukana inkomezi zawo nkuko waserukiye Igihugu mu mwaka w’inkino wa 2017-2018 muri Coupe de la Confédération. Ivyo bigaragarira mukugarura abakinyi bayo bashika kuri babiri bahora mu murwi wa Musongati FC w’i Gitega.
Nkuko bigaragara kurayo mafoto, iburyo ni Pascal Ramadhan ariko atera umukono ku masezerano yo gukinira Olympic Star mu mwaka uza arikumwe n’uwurongoye umurwi wa Olympic Star mushasha Général Habarurema Ildéphonse alias King imvukira y’intara ya Muyinga ariwe yasubiriye Nzeyimana Musafiri hakaba hasigaye gusa ko babisira kumugaragaro. Nkuko tubikesha abegereye uyo murwi.
Olympic Star ntiyagiranye amasezerano na Pascal Ramadhan wenyene yagarukanye kandi umukinyi wabo winyuma, Mbazumitima Baba akaba nawe yasinye amasezerano yo kuzokinira Olympic Star umurwi amaze imyaka itari mike awukinira.
Muri Olympic Star haravurwa kandi ko abakinyi bayo bose bawufashije kuja muri Coupe De La Confédération bashobora kuzogarukanwa vuba.
Abo bakinyi bari baravuye muri Olympic Star bakurikiye umumenyereza wabo Nahimana Husein Welo ico gihe yari muri Musongati FC.
0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!
Ivyiyumviro!
Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.