Liverpool Igiye Guhura Na FC Barcelona Idafise Abakinyi Bayo Batatu Ngenderwako!

Liverpool FC idafise Roberto Firmino, Mohammed Salah hamwe na Naby Keita urafise akazi gakomeye ko kwishura ibitsindo (3-0) ku kibuga ca Anfield.

Umurwi wa Liverpool wo mubwongereza watsinzwe na FC Barcelona (0-3) murukino rwa mbere rw’igice ca kabiri gishira icanyuma muri Champions League, murukino rwabereye i Camp Nou. Ugiye kuzokwakira FC Barcelona murukino rwogusubiriza kuri uyu wa kabiri igihe c’isaha zitatu z’ijoro (21h00) ku kibuga ca Anfield udafise abakinyi bayo bashika kuri batatu.

Uwambere ni Mohammed Salah umunya Misiri ntazoba arimwo biturutse kumvune yagize murukino umurwi wiwe watsinze Newcastle United (3-2) kuri uyu wa gatandatu aho yasekanye n’umunyegori wa Newcastle United, Martin Dubravka bica bituma asohoka mukibuga  mu mutwe hatameze neza.

Jurgen Klopp umumenyereza wuyo murwi  kuri uyu wa mbere niho yabishize ahabona ko uyo mukinyi wa kera wa Chelsea atazoba arimwo hari mukiganiro yahaye  abamenyeshamakuru aho yagize ati: Salah ntazokina ku munsi w’ejo. Yararuhutse ariko ntari tayari gukina ku munsi w’ejo. 

Uwundi mukinyi wa Liverpool atazoba arimwo n’umunya Brezil Roberto Firmino we vyagiye kumenyekana kuva mw’ijoro ryo ku munsi wa gatandatu bahejeje gutsinda Newcastle United (3-2) aho uyo musore atagaragaye mururwo rukino  munyuma niko Jurgen Klopp yaciye amenyesha ko Firmino atazoba arimwo ku munsi wa kabiri  ariko yamenyesheje kandi ko  barindiriye kuraba uko bizogenda inyuma yuno mwaka w’inkino.

Naby Keita umunya Guinée nawe nyene ntazoba arimwo. N’inyuma yaho ababariye murukino rwa mbere rwabahuje na FC Barcelona i Camp Nou aho yagize imvune yokwitako ndetse akaba agiye kumara amezi abiri ari hanze y’ikibuga nkuko umumenyereza wiwe yabimenyesheje.

Liverpool FC idafise Roberto Firmino, Mohammed Salah hamwe na Naby Keita urafise akazi gakomeye ko kwishura ibitsindo (3-0) ku kibuga ca Anfield.

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Only Abanywanyi bonyene nibo barekuriwe kwandika ivyiyumviro vyabo hano.

Shares