#Burundi: Ngo Igituma Abanyagihugu Badasaba ku Bwinshi Ingurane mu ma Banki ngo n’Uko Asaba Inyungu z’Umurengera.
Diane Jocelyne BIZIMANA wo mw’ibanki nkuru y’igihugu akavuga ko inyungu zisabwa mu ma banki zisunga itegeko.
Ngo abanyagihugu ntibasaba ku bwinshi ingurane mu ma banki kubera asaba inyungu z’umurengera. Ivyo bamwe mu barongoye intara bakaba babishikirije kuri uyu wa mbere mu ruganda rwatunganijwe n’urunani rw’amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana » RIM ».
Buramatari w’intara ya Rumonge Juvénal BIGIRIMANA ari muri urwo ruganda ashikiriza yuko abo arongoye bavuga ko badasaba ingurane mu ma banki kubera ayo ma banki abasaba inyungu z’umurengera.
Ibanki nkuru y’igihugu yo ivuga ko abanyagihugu kenshi badatahura ingene ama banki hamwe n’amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana akora, nico gituma ababarongoye basabwa kubahimiriza.
Diane Jocelyne BIZIMANA wo mw’ibanki nkuru y’igihugu akavuga ko inyungu zisabwa mu ma banki zisunga itegeko. Diane Jocelyne BIZIMANA avuga yuko i banki canke amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana ategerezwa kwerekana ingene akora kubijanye n’ingurane hamwe n’inyungu zayo. Ngo ayo mashirahamwe na ma banki afise itegeko ryo kwandika hamwe no kumanika ahabona ibijanye n’ingurane, umunywanyi akabisoma imbere yuko afata ingingo yo gufata ingurane.
Tubamenyeshe yuko mu Burundi haharurwa amashirahamwe yo kuguranana no kuziganya agera kuri 37 hamwe na ma banki 10 yemewe n’amategeko.
0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!
Ivyiyumviro!
Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.