Olympic Star: Nahimana Hussein Welo Munzira Yokugaruka?

Nahimana Hussein Welo ivyo asaba babimuhaye arashobora ku_zogaruka muri Olympic Star.

Inyuma yokugarukana abakinyi bayo babiri bahora muri Musongati FC, Mbazumutima Baba na Pascal Ramadhan. Olympic Star uri mubiganiro n’umumenyereza wabo wa kera Nahimana Hussein Welo. Amakuru Welo wenyene yemeza.

Www.magaratimes.com

Tumubajije kukibazo cuko ariwe ashobora kuzogaruka kumenyereza Olympic Star, Welo yatwishuye uku gukurikira: « Ntabwo nshobora kubihakana canke nemeze ko ari jewe nzomenyera Olympic Star ariko hariho ivyo ndiko ndasaba. Burya umuntu arashobora kukwereka ko akwipfuza ko mukorana ariko ivyo umusaba bikamunanira ».

Twashatse kumenya ico uyo mumenyereza wa kera wa Musongati FC yoba ariko arasaba kugira ngo agaruke kumenyereza Olympic Star ariko ntiyashimye kubivugira kuri Micro zacu.

Nahimana Hussein Welo niwe yahora amenyereza uyo murwi nubwo atarangije ihiganwa rya Primus League Burundi arikumwe nawo kuko yaciye yigira mu Bushinwa kwiga ivyubumenyereza. Muri Olympic Star ninko muhira kuri Hussein Welo kuko ahamaze imyaka itari mike nubwo bishika akagenda Hama akongera akagaruka.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: