Burundi: Aigle Noir Iriyongeye Ikindi Gikombe Inyuma Ya Primus Ligue, Ubu n’Icitiriwe Umukuru w’Igihugu Itsinze Rukinzo FC.

Umurwi wa Aigle Noir ukaba utahukanye ibikombe bibiri muruno mwaka inyuma yo gutahukana ica Primus Ligue.

Murukino rwanyuma  rw’igikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu  ruhejeje kubera ku kibuga Ingoma i Gitega. Umurwi wa Aigle Noir niwo uhejeje gutahukana ico gikombe utsinze umurwi wa Rukinzo FC ibitsindo  bitatu kuri kimwe (3-1).

Umurwi wa Rukinzo niwo watanguye kwinjiza igitsindo mugice ca mbere gitsinzwe na Bazunza Jamal kigomborwa na Cedeic Titi Mavugo igice ca mbere kirangira imirwi yose inganije kimmwe ku kindi.

Imirwi yosa igaruka mugice ca kabiri izikenyereye ariko Aigle Noir ubarusha ishaka uronka ibitsindo bibiri mugice ca kabiri babikesheje Benjamin Gasongo yinjije ivyo bitsindo bibiri wenyene. Urukino rurangira kuntsinzi ya bitatu kuri kimwe ca Rukinzo FC.

Umurwi wa Aigle Noir ukaba utahukanye ibikombe bibiri muruno mwaka inyuma yo gutahukana ica Primus Ligue. Aigle Noir niwo uzoserukira Uburundi  muri CAF Champions League, Rukinzo FC nawo ukazoserukira Uburundi muri Coupe De la Confédération.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: