Burundi: Chris Ndikumana Yasinye Muri Olympic Star.

Olympic Star ubaye umurwi ugira kane agiye kubandanyirizamwo, inyuma yokuba yaraciye mu murwi wa Magara Star wamureze, Rumonge City hamwe na Musongati FC.

Umukinyi wo kuruhande rwo kuzibira rw’ibubamfu, Chris Ndikumana w’imyaka 20 yamavuko yahora mu murwi wa Musongati FC yasinye amasezerano y’umwaka umwe yo gukinira umurwi wa Olympic Star wo muntara ya Muyinga kuva kuri uyu wa kane.

Www.magaratimes.com

Chris Ndikumana aje kwiyongera kuri, Pascal Ramadhan na Mbazumutima Baba baherutse nabonyene kugurwa nuyo murwi bavuye muri Musongati FC.

Ikinyamakuru Magaratimes.Com

Uyo mukinyi wa kera wa Magara Star, Olympic Star ubaye umurwi ugira kane agiye kubandanyirizamwo, inyuma yokuba yaraciye mu murwi wa Magara Star wamureze, Rumonge City hamwe na Musongati FC.

Olympic Star ukaba umaze gutwara abakinyi batutu umurwi wa Musongati FC ayandi avugako n’abandi bakinyi boba bari munzira yo kugurwa na Olympic Star.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: