Burundi: Ligue B: Inter Star Yaranganije, Muzinga FC Iratsinda, Rumonge City Iranganya.

Uku Niko Inkino zimwe zimwe zo muri Ligue B zagenze mu ndwi y'icumi na kabiri.

Inkino zimwe zimwe zo mundwi ya cumi na kabiri zo mucicaro ca kabiri, Ligue B zarabandanije kuri uyu wa gatanu, itariki 10 Rusama uyu mwaka. Inter Star wari wagendeye Les Elephants y’i Bubanza inganya  bibiri kubindi (2-2). Delta Star nayo wari wakiriye Buhumuza kuri Prince Louis Rwagasore utsinda kimwe ku busa (1-0). Rumonge City nawo wari wagendeye Aigle Noir B ku kibuga Ingoma i Gitega iyo mirwi yose ishima kunganya kimwe ku kindi (1-1). Muzinga FC nawo utsinda Volontaire kimwe kubusa (1-0).

Delta Star 1-0 Buhumuza (PLR, 13H:30)
Volontaire 0-1 Muzinga (PLR, 16H:00)
Aigle Noir B 1-1 Rumonge City (Gitega , 14H:00)
Les Elephants 2-2 Inter Star (Bubanza, 14H:00).

Inkino zizokinwa kuri uyu w’Imana, itariki 12 Rusama 2019.

Unité FC – Royal FC (Muyinga, 14H:00)
Lumière Mwumba – Busoni (Vyegwa, 14H:00)
Top Junior – Moso Sugar (Kayanza, 14H:00)
Les Jeunes Athletics – BS Dynamik (PLR, 15H:00).

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: