Burundi: Nguyu Umukinyi, Umumenyereza n’Umukinyi Akiri Muto Baranze Primus Ligue 2018-2019.

Umurwi wa Aigle Noir ukaba ariwo watahukanye ubwo bushimwe bwose kurivyo bibanza.

Kuri uyu wa gatanu munyubwakwa z’Ishirahamwe ry’umupira wa maguru mu Burundi, FFB ariho abamenyesha makuru batoye abakinyi hamwe n’abamenyereza baranze umwaka muri Primus Ligue ndetse n’umukinyi w’Umurundi akina hanze yavyifashemwo neza. Ivyavuye murayo matora bimwe bimwe bikaba vyashizwe ahabona kuri uyu wa gatandatu kiretse umurwi w’abakinyi 11 baranze umwaka (Equipe Type). Umurwi wa Aigle Noir ukaba ariwo watahukanye ubwo bushimwe bwose kurivyo bibanza icumukinyi yaranze umwaka, umumenyereza hamwe n’umukinyi akiri muto.

Umukinyi w’umwaka: Kanakimana Bienvenue (Aigle Noir)
Umumenyereza: Joslin Bipfubusa (Aigle . Noir)
Umukinyi akiri muto: Aimé Fales Ndayizeye (Aigle Noir)
Umukinyi akina mu mahanga: Fiston Abdul Razak (JSK)

Uku niko bagiye barushanya amanota murivyo bibanza hamwe n’abakinyi barimwo muriyo mice yose.

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: