Burundi: Vivier Bahati Arabeshuza Amakuru Amujana Muri RD Congo.

Icipfuzo ca Vivier Bahati sico kubandanya amenyereza mu Burundi.

Mugihe vyavurwako yoba amaze kwerekeza mugihugu ca République Démocratique Du Congo kumenyereza umurwi Bukavu Dawa, Vivier yamirira kure ayo makuru avugako atarivyo.

Vivier Bahati amenyesha kandi ko afise iciyumviro co kuronderera ahandi hatari mû Burundi.
« Ndiko Ndiyumvira iconokora, Ariko icipfuzo canje nikuva muhira ».

Uyo mumenyereza wa kera wa Musongati FC nuko amasezerano yiwe na Les Lierres FC yararangiye. Mugihe vyoshika Vivier Bahati akagaruka kumenyereza mugihugu ca République Démocratique du Congo ntibizoba bibaye ubwambere amenyereza murico gihugu kuko amaze kumenyerezayo umurwi wa OC Muungano.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: