Burundi: Igenda rya Chris Ndikumana Ntiryaguye Neza Abakunzi Bâ Musongati FC.

" Jewe Chris arambabaje yarazumupira cane vyukuri. Simbona ko abandi bakinyi bazohava bogugwa".

Chris Ndikumana umukinyi wa kera wo kuruhande rw’ibubamfu wa Musongati FC, aherutse gisinya amasezerano yogukinira umurwi wa Olympic Star igenda ryiwe ntiryaguye neza Abakunzi buyo murwi w’i Gitega nkuko tubisoma muri groupe ya WhatsApp y’abakunzi buyo murwi. Bamwe basaba ko boteranya amafaranga kugira Musongati FC isubize Olympic Star ayo bahaye Chris Ndikumana ngo agaruke. Abandi nabo bakavugako ivya Musongati FC batariko barabibona neza ariko bakarindira kuraba ivyo uyo murwi wabo uzokora.

« Musongati tupa ndani, Chris yari umuntu akunda umurwi gose kandi iyo ageze hose yarawitangira. Nimurabe ukuntu twomugarukana tubasubize amahera yabo. Jewe nka Willy kuruhande rwanje ndafise iconzoterera kuvyo boba baratanze tubasubize. Raba ico dukora Président raba umukinyi wacu Chris ntihagire iyaja twopfuma tumwigurira twebwe abafana raba raba. Musongati tupa ndani ».

Uwundi we ati: « Aba Olympic Star tubasubize amahera yabo « .

Uwundi mukunzi wa Musongati FC wewe avugako adatahura ivyo uyo murwi urimwo.

« Muragabe
Ahubwo ivya Musongati biranatangaje rekaturindire je nzobambona »

Uyu wewe avugako ata mukinyi izohava ironka yoza gufata neza ikibanza ca Chris Ndikumana.

« Ntitwihagarareko turi kurugendoo. Ivya numéro ya Chris akina ntabakinyi babiri muri Primus League bamusumvya kuyikina ».

Uwundi mukunzi wuyo murwi wo muntara ya Gitega avugako igenda rya Chris ryaramubabaje akabonako Musongati FC itazohava igura abakinyi.

 » Jewe Chris arambabaje yarazumupira cane vyukuri. Simbona ko abandi bakinyi bazohava bogugwa ».

Amakuru dukesha umwe mundongozi za Olympic Star atumenyeshako kugira Musongati FC isubire kuronka Chris Ndikumana bizobasaba kurwiza na gatutu amafaranga bamuguze.

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: