#Burundi: ABEJ Yafashije Urwaruka 3.600 Kuronka Amahirwe yo Kwimenyereza Akazi.

Munama yabaye kubaserukira ibisata bitandukanye muntara ya Bubanza kuruyu musi wambere itunganijwe n’Ubushikiranganji bw’Urwaruka, Amaposita be n’Ubuhinga bwo Gutumatumanako Amakuru burikumwe n’ikigo ABEJ (mu Gifaransa « Agence Burundaise pour l’Emploi des Jeunes »), Nyakubahwa BUTOYI Evelyne, Umushikiranganji w’Urwaruka yamenyesheje ko leta y’Uburundi imaze kubonako hariho urwaruka gwinshi rubura akazi kubera ikibazo c’uburambe mukazi (bita expérience de travail mu rurimi rw’Ifaransa).

Umushikirangaji Butoyi yaciye ishiraho ikigo kijejwe gufasha urwaruka ruhejeje amashure kuronka akazi n’ukwimenyereza akazi muntumbero yogutorera umuti wicokibazo.

Nyakubahwa Butoyi akavuga ko atankeka uwo mugambi wazanye akarusho kanini, aho ibihumbi bitatu n’amajana atandatu (3.600) vy’urwaruka ruhejeje amashure, aribo baronkejwe uburenganzira bwokwimenyereza akazi mu bisata bitandukanye yaba ivya leta canke ivyabikorera utwabo mu kiringo c’imyaka 9 ikigo ABEJ kimaze kibayeho. Ibice bigera kuri 45 kw’ijana vyugwo rwaruka bakaba bararonse akazi inyuma yokwimenyereza akazi.

Vitar NIYUNGEKO arongoye ikigo ABEJ mur’iyo nama yavuzeko bashimishwa n’intambwe bagezeko nacane cane mugufasha urwaruka kuronka akazi. a

Niyungeko yabandanije avuga ko hariho amafaranga aheza agahabwa umunyeshure wabo kugira amufashe yaba kwiyunguruza canke mu kwikemura utu na turiya iyo yarungitswe kwimenyereza akazi.

Ikigo ABEJ kiranafasha kandi urwaruka rurangije amashure kwiga ingene rwokwitunganiriza imigambi y’iterambere. Ivyonavyo ngo bikaba bimaze gutanga umwimbu ushimishije kurwaruka rutari ruke mu gihugu kuko hazaharamaze kuboneka mu mihingo itari mike y’igihugu urwaruka gwikorera ivyagwo.

Vitar NIYUNGEKO akavugako naho biruko intambamyi zozo zitabuze. Iziza kw’isonga murizo nizijanye nuburyo budakwiye butuma badashobora kurangura neza imigambi yicokigo. Bimwe mu bisata vyaka amafaranga urwaruka kugire rushobore kuronka uburenganzira bwo kwimenyereza akazi be n’ibindi. Bagasaba ko hojaho itegeko ritegeka ubuzi bwose kwakira ababa baje kwimenyereza akazi.

Clovis Manirakiza

Clovis MANIRAKIZA: Umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times, ikinyamkuru kigushikiriza amakuru yo mu karere n'ayo mu makungu mu Kirundi. | Email: mclovis@rn.magaratimes.com | Twitter: @MagaraTimesRN | Instagram: @JournalMagaraTimes | Facebook: @JournalMagaraTimes |

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: