Zidane Yipfuzako Umuhungu Wiwe Ariwe Aba Umunyegori Wa Kabiri Muri Real Madrid.

Ico kinyamakuru kivugako uburongozi bwuyo murwi bwipfuza guha ico kibanza  Andriy Lunin umunyegori wabo batijije muri Leganés mugihe umumenyereza wuyo murwi Zinedine Zidane yipfuza ko ico kibanza gihabwa umuhungu wiwe Lucas Zidane.

Mugihe bimaze gushirwa ahabona ko Thibaut Courtois ariwe azoba umunyegori wa mbere mu mwaka uza muri Real Madrid hama Keylon Navas nawe akaba amaze kugururirwa umuryango wo kuronderera ahandi azoronka umwanya ukwiye  wogukina. Hako Real Madrid irondera uwundi munyegori yoza gufashanya na Courtois ariko ico kibazo uyo murwi wipfuza kugikemurira kubandi banyegori  basanzwe bafise.

Ikinyamakuru Marca gisigurako uburongozi bwuyo murwi buriko buriyumvira uwohabwa ikibanza co kuba umunyegori wa kabiri. Ico kinyamakuru kivugako uburongozi bwuyo murwi bwipfuza guha ico kibanza  Andriy Lunin umunyegori wabo batijije muri Leganés mugihe umumenyereza wuyo murwi Zinedine Zidane yipfuza ko ico kibanza gihabwa umuhungu wiwe Lucas Zidane w’imyaka 21 amaze gukinira Real Madrid urukino rumwe gusa igihe batsinze Huesca (3-2) hari kw’itariki 31 Rusama.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: