#Burundi: Sentare Yubahiriza Amatungo Ya Leta Irakebura Inama Nshingamateka Ku Bijanye No Kurenza Urugero mw’Ikoreshwa ry’Uburyo Bwabwirizwa Gukoreshwa.

Muri uyu mwihwezo kandi Elysée NDAYE arongoye sentare yubahiriza amatungo ya leta yashikirije ko mu nteguro ya mafaranga leta izokoresha mu mwaka w’2019 ushira uw’2020, uturusho twandistwe tungana n’imiriyaridi 18.

Icegeranyo c’iyo sentare co kuri uyu wa kabiri, iyo sentare ifatira ku turosho dutangwa ifatiye ku nteguro y’amafaranga leta izokoresha mu mwaka wi 2019 ushira uw’2020 hamwe n’iyindi myaka itatu iheze. Iyo nteguro itegekanya ko amafaranga azokwinjira avuye mu makori n’amatagisi arenga imiriyaridi 850 ku miriyaridi zirenga 750 muri uyu mwaka. Nayo amafaranga leta itegekanya kwinjiza umwaka wa 2019 ushira wa 2020 ngo harimwo ayazova ku nzahabu zishowe hamwe no kugitoro.

Mu mwihwezo washikirijwe na Elysée NDAYE kuri uyu wa kabiri mu nama Nshingamateka, iyo sentare igereranije iyo nteguro y’umwaka uza hamwe n’umwaka turimwo ishikiriza ko amafaranga ava mu makori no mu matagisi azova hanini kuma tagisi aturutse ku kunywesha igitoro ayo nayo arenga imiriyaridi 71 mu gihe yangana n’imiriyaridi 23 muri uyu mwaka.

Ngo azova kandi no ku mpusha zo gukora  ico bita ‘’permis de travail’’ mu gifaransa akazoba arenga imiriyoni 460 mu gihe ubu yari ku miriyoni 50. Ayazova ku nzahabu zishowe ‘’droit de sortie sur l’or’’ mu gifaransa arenga imiriyaridi 11 z’amafranga y’amarundi mu gihe muri uyu mwaka yangana n’imiriyoni zirenga 230.

Itagisi ku bindi bishowe n’imiriyaridi zirenga 12 mu gihe iyo tagisi yari ingana n’imiriyoni zirenga 300 muri uyu mwaka.

Muri uyu mwihwezo kandi Elysée NDAYE arongoye sentare yubahiriza amatungo ya leta yashikirije ko mu nteguro  ya mafaranga leta izokoresha mu mwaka w’2019 ushira uw’2020, uturusho twandistwe tungana n’imiriyaridi 18.  Ariko iyo sentare ikabona ko uturusho twatanzwe ku rugero runini ifatiye kuri iyo nteguro igafatira kandi ku biharuro vy’ikigo cegeranya amakori n’amatagisi OBR vyo mu myaka ya 2016, 2017 na 2018 hamwe n’ivyo ico kigo caranguye kuva mu kwezi kw’indwi 2018 gushika mu kwa kabiri kuno mwaka turenga imiriyaridi 110.

Nayo ico bita ‘’moyenne’’ mu rurimi rw’igifaransa kuri iyo myaka itatu turenga imiriyaridi 132.

Iyo sentare yubahiriza amatungo ya leta igahamagarira Inama Nshingamateka kuraba neza ko ivyateguwe  bitarengeje urugero mu mafaranga yakoreshejwe kuko ngo biheza bigakora ku mafaranga ategekanijwe leta ikoresha.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: