#Afrika: Burundi U-20 Murutonde rw’Ibihugu Bizokwitabira Jeux Africains Muri Maroc.

Imirwi nserukira bihugu y’itabiriye igikombe c’Afrika kubatarenza imyaka mirongo ibiri (CAN U-20) giherutse kubera mugihugu ca Niger harimwo n’igihugu c’Uburundi niyo izokwitabira ihiganwa ny’Afrika muri 2019 (Jeux Africains) rizobera mugihugu ca Maroc

Imirwi nserukira bihugu y’itabiriye igikombe c’Afrika kubatarenza imyaka mirongo ibiri (CAN U-20) giherutse kubera mugihugu ca Niger harimwo n’igihugu c’Uburundi niyo izokwitabira ihiganwa ny’Afrika muri 2019 (Jeux Africains) rizobera mugihugu ca Maroc kw’igenekerezo rya 19 gushika 31 Nyandagaro uyu mwaka nyene.

Iyo ngingo ikaba yafashwe n’Ishirahamwe ry’umupira wa maguru muri Afrika CAF. Izo mpinduka zikaba ziturutse kuguhindurwa kw’ikirangaminsi c’inkino zanyuma zo kurondera itike z’igikombe c’Afrika ca batarenza imyaka mirongo ibiri n’itatu (U-23) zari zitegekanijwe mu kwezi kwa Ruheshi zikimurirwa mu kwezi kwa Nyakanga uyu mwaka nyene. Mugukinga nihabe ibindi bikorwa vyiryo shirahamwe mugihe hazoba hariko haraba inkino z’igikombe c’Afrika kizobera muri Misiri mu kwezi kwa Ruheshi (CAN 2019).

Photo credit: RegionWeek

Mwokwibuka ko inkino za Jeux Africains zisanzwe zitabirwa n’imirwi nserukira gihugu kubatarenza imyaka 23 biturutse kuruko guteba niko guca CAN ifata ingigo yoguha uburenganzira ibihugu indwi muri munani vyari vyitabiriye CAN U-20 muri Niger kwitabira iryo higanwa arivyo ; Nigeria, Burundi, Ghana, Afrique y’epfo, Burkina Faso, Mali, Sénégal n’Igihugu ca  Maroc kizokwakira izo nkino.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

1 Comment

  1. Avatar
    Lin mai 18, 2019

    Nibategure umugwi neza turabeko hoho twotera intambwe. Àho vyabagoye muri Niger barahàbonye

    Reply

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko:

%d blogueurs aiment cette page :