Burundi Muyinga : N’Golo Kanté Yasinye Muri Olympic Star.

Umurwi wa Olympic Star ubaye umurwi wiwe ugira gatatu Isaie Niyukuri batazira N'golo Kanté, agiye kubandanyirizamwo ivyo gukira umupira wa maguru.

Kuri uyu wa gatandatu itariki 18 Rusama uyu mwaka nyene, niho umurwi wa Olympic Star wo mu ntara ya Muyinga wasinyishije amasezerano umukinyi wo hagati kunimero zitandatu azwi kw’izina rya Isaïe Niyukuri batizira « N’golo Kanté) yahora akinira umurwi wa Flambeau Du Centre w’i Gitega.

Umurwi wa Olympic Star ubaye umurwi wiwe ugira gatatu Isaie Niyukuri batazira N’golo Kanté, agiye kubandanyirizamwo ivyo gukira umupira wa maguru. Uyu mukinyi w’imvukira yo mu ntara ya Rumonge amaze guca mu mirwi itandukanye nka Flambeau de Rumonge ariwo asanzwe yegukira munyuma yimukira muri Les Crocos FC wo mu Rumonge yawukiniye  imyaka ibiri, Messager Bujumbura nawonyene yawukiniye imyaka ibiri hamwe n’umurwi wa Flambeau Du Centre avuyemwo nawonyene yawukiniye imyaka ibiri.

Isaie abaye umukinyi agira kane Olympic Star iguze aje ava mu mirwi yo muntara ya Gitega harimwo ba Pascal Ramadhan, Mbazumutima Baba bahora bakinira umurwi wa (Musonagti FC i Gitega)  hamwe na Ndikumana Chris nubwo ivyiwe ubu bimaze kujamwo amatati.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: