Juventus: Abakunzi Batoye Zinédine Zidane!

Zinédine Zidane ari mubihe bitoroshe muri Real Madrid kuva aho awugarukiyemwo niwe abo bakunzi ba Juventus bamaze gutora kuza gusubirira Allegri.

Kuva aho Juventus imenyesheje ko itazomenyerezwa na Massimiliano Allegri mu mwaka uza. Ibihuha biguma bibandanya bivurwa muri uyo murwi kubijanye n’umumenyereza yoza gufata ico kibanza. Amazina menshi y’abamenyereza niyo avurwa muri Juventus usanzwe ufise igikombe ca Serie A, ariko izina ry’umumenyereza umwe gusa niryo abakunzi ba Juventus babandanya barota koyoza kumenyereza uyo murwi waba Bianconeri nkuko Tuttosport kibivuga. Zinédine Zidane ari mubihe bitoroshe muri Real Madrid kuva aho awugarukiyemwo niwe abo bakunzi ba Juventus bamaze gutora kuza gusubirira Allegri. Aba Tifosi (Abakunzi ba Juventus) babonako atawundi mumenyereza ashobora kubashikana kurwego rwiza ku mugabane wa Buraya atari Zidane yakiniye uyo murwi muri (1996-2001) nkuko ico kinyamakuru ca batariyano kibandanya kibivuga.

Photo Credit: Walfoot.be

Nubwo Zidane agifitaniye amasezerano na Real Madrid gushika muri 2022, ariko abakunzi ba Juventus barizerako uyo mumenyereza ashobora kuza bivanye nuko umurwi wa Real Madrid utari mubihe bimeze neza aho uherutse gutsindwa inkino zitatu wikurikiranya muri La Liga.

Mugihe biruko biravurwako umurwi wa Juventus woba umaze gushira ahabona amazina y’abamenyereza boza gufata ikibanza ca Allegri nka: Maurizio Sarri (Chelsea), Siniša Mihajlovic (Torino), Mauricio Pochettino (Tottenham), canke Simone Inzaghi (Lazio).

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: