Champions League : Imirwi 22 Imaze Kuronka Uburenganzira Bwokwitabira Izo Nkino Mu Mwaka 2019-2020.

Hasigaye kandi ko  hamenyekana imirwi izoba iya gatatu na kane mu butariyano (Serie A) bagisigaje urukino rumwe kugira ihiganwa rirangire hamwe no kumenya umurwi uzofata ikibanza ca kabiri mugihugu c’Uburusiya mukurindira kandi ibizova murukino rwa finale ya Europa League hagati ya Chelsea na Arsenal.

Umwaka w’inkino i Buraya usa nuwuriko urahera buke buke. Imirwi imwe imwe izokwitabira ihiganwa rikomeye cane kuri uyu mugabane ariryo Champions League mu mwaka uza 2019-2020 mu matsinda iza yamaze kumenyekana kurugero runini.

Imirwi 22 izokwitabira izo nkino icarimwe mu matsinda imaze kuja ahabona mugihe iyindi itandatu izova mu nkino  zamajonjora muvyo gukuranamwo. Hasigaye kandi ko  hamenyekana imirwi izoba iya gatatu na kane mu butariyano (Serie A) bagisigaje urukino rumwe kugira ihiganwa rirangire hamwe no kumenya umurwi uzofata ikibanza ca kabiri mugihugu c’Uburusiya mukurindira kandi ibizova murukino rwa finale ya Europa League hagati ya Chelsea na Arsenal itariki 29 Rusama uyu mwaka, umurwi uzotahukana ico gikombe. Mugihe  Chelsea yogitahukana bizoha bihaye amahirwe Olympique Lyon wabaye uwa gatatu mu Bufaransa guca ukina Champions Legue. Mugihe Arsenal yogitahukana naho uzoca uja muri Champions League  nubwo warangije ihiganwa ryo mu Bwongereza mukibanza ca gatanu.

Photo Credit: EA.com

Iyo mirwi 22 imaze kuronka uburenganzira bwokuzokwitabira champions League niyi ikurikira : FC Barcelone, Atlético Madrid, Real Madrid, Valence, Manchester City, Liverpool, Chelsea, Tottenham, Juventus, Naples, Bayern Munich, Borussia Dortmund, Leipzig, Bayer Leverkusen, Paris Saint-Germain, Lille, Benfica, Zenith, Genk, Salzbourg, Galatasaray et Shakhtar Donetsk.

Mwokwibukako Champions League yitabirwa n’imirwi mirongo itatu n’ibiri (32) isanzwe ikina kumugabane wa Buraya gusa.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: