Burundi: FFB Yategetse Inter Star Kuriha Karumba Jean Imiriyoni Zitatu N’ibihumbi Amajana Abiri (3.200.000Fbu).

Inyuma yokumuhagarika mu mabanga yiwe itamKarumba Jean Tigana agiye guhabwa umushahara wiwe wa mezi umunani yaraheraniwe na Inter Star inyuma yo guhagarika amasezerano nawe.

Igisata kijejwe amategeko mw’Ishirahamwe ry’umupira wa maguru mu Burundi, FFB caciriye urubanza umurwi wa Inter Star usanzwe ukini icicaro ca kabiri, Ligue B rwokuriha uwahoze ari umumenyereza wuyo murwi Karumba Jean batazira « Tigana » amafaranga imiriyoni zitatu n’ibihumbi amajana abiri vya marundi (3.200.000 Fbu). Ivyo bihano bikaba biturutse kukutubahiriza amasezerano Inter Star yari yagiranye na Tigana yokuwumenyereza ikiringo c’umwaka umwe. Amasezerano basinyaniye nuwo murwi kw’igenekerezo rya 25 Ruheshi 2018. Inter Star imuhagarika mumabanga yiwe kw’igenekerezo rya 19 Gitugutu 2018 nkuko tubisanga mw’ikete ry’ico gisata kijejwe amategeko muri FFB ryo kuri uyu wa kabiri itariki 21 Ruheshi uyu mwaka.

Ico gisata kirongowe na Marc Manirakiza kivugako cakiriye ibirego vya Karumba Jean Tigana aramutswa umurwi wa Delta Star itariki 23 Gitugutu 2018 yitwarira uwahoze ari umunyamabanga mukuru wa Inter Star Nzeyimana Yassin asaba gushumbushwa bivanye nuko yahagaritswe mu mabanga yiwe bidakurikijwe amategeko.  Inyuma yo kwakira ivyo birego ico gisata kijejwe amategeko muri FFB kivugako kandi ko cari cahanuye impande zose zibiri ko zokwicarana zikavugana mugutorera inyishu ico kibazo ubwabo mu mahoro, ariko biranka ko bumvikana niko guca gitumako izompande zibiri kirazumviriza gisanga icaha cagira Inter Star.

Ifoto Karumba Jean Tigana

Ico gisata kijejwe amategeko muri FFB categetse Inter Star kuriha Karumba Jean Tigana imiriyoni 3.200.000 angana n’amezi umunani Inter Star yarisigaje guhemba uyo mumenyereza. Tigana yahebwa ku kwezi ibihumbi amajana ane vya marundi (400.000Fbu) akaba yari yaramaze guhebwa  amafaranga y’ubwambere, imiriyoni imwe n’ibihumbi amajana atandatu (1.600.000Fbu) angana na y’amezi ane. Ico gisata kirangiza muriryo kete kivugaka mugihe Inter Star itoshira mungiro ivyo categetswe mukuriha ayo mafaranga Tigana. Kizoca kiyakuye muburyo FFB yama ifasha imirwi mu kwitegurira umwaka w’inkino mushasha wa 2019-2020.

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Only Abanywanyi bonyene nibo barekuriwe kwandika ivyiyumviro vyabo hano.

Shares