Mu gihe komiseri mukuru w’ikigo gitoza amakori ya leta OBR Audace NIYONZIMA yariko arugurura ico kibanza, yamanje kumenyesha imvo zari zatumye cugagwa. Aho naho hari muri munyonyo umwaka w’2017. Ngo ico kibanza cari cugawe kubera cari cagurishijwe hatarishwe amakori nkuko bitegekanijwe n’amategeko.
Nkuko komisere mukuru w’ikigo OBR abandanya abimenyesha, ngo mu biharuro bakoze basanze amakori yategerezwa kurihwa angana n’imiliyoni 344, hagaca hiyongerakao amahadabu, yose hamwe agaca angana imiliyoni 894.
Audace NIYONZIMA yaciye amenyesha yuko bashima ingene ayo mafaranga yose yarishwe. Ngo bakaba baje kwugurura ico kigo ku mugaragaro kugira ngo ntihagire uwogira amakenga kuvyerekeye irihwa ryayo mafaranga.
Audace NIYONZIMA akaba yaboneyeho akaryo ko kugabisha abagura n’abagurisha ibibanza bitandukanye gukurikiza amategeko mu bijanye n’irihwa ry’amakori. Akaba yasavye n’abandi bashobora kumenya inkuru nk’izo zerekana ahaba hakorewe ibikorwa bitarishe amakori neza bakabimenyesha kuko agashirukabute k’icumi kw’ijana gategekanijwe.
Mu kurangiza, Audace NIYONZIMA akaba yamenyesheje yuko ubu bafise ubuhinga bakoresha n’uburyo bwo gukora amatohoza kugira bashobore gutora abantu nk’abo baba bagurishije ibintu ntibashobore kuriha amakori yose.
Vous devez vous connecter pour laisser un commentaire.