#Burundi #Ngozi: Slim Saidi Yasinye Muri Messager Ngozi FC.

Slim Saidi muri uyu mwaka uheze ata kintu kinini yerekanye nk'umusatirizi kuko yinjije ibitsindo 4.

Umusatirizi Slim Saidi yahora akinira mu mwaka uheze umurwi wa Olympic Star yasinye amasezerano yogukinira umurwi Messager Ngozi FC mu mwaka w’inkino uza.

Slim Saidi yasinye amasezerano y’imyaka ibiri yogukinira Messager Ngozi FC watahukanye ikibanza ca kane muri Primus Ligue Burundi mu mwaka w’inkino uheze wa 2018-2019. Bikaba vyitezwe ko Slim Saidi ashobora gushika muri Messager Ngozi FC inyuma y’amafungo y’ukwezi kwa Ramadhan. Nkuko Messager Ngozi FC yabimenyesheje ibicishije kurubuga ngurukana bumenyi bwayo.

Mwomenyako Slim Saidi muri uyu mwaka uheze ata kintu kinini yerekanye nk’umusatirizi kuko yinjije ibitsindo 4 mugihe mu mwaka wa 2017-2018 uyu musore asanzwe ar’imvukira y’intara ya Muyinga yatsinze ibitsindo 22 icogihe yabaye umusatirizi agira kabiri mubatsinze ibitsindo vyinshi inyuma ya Shaka Bienvenu we yinjije ibitsindo 25

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Only Abanywanyi bonyene nibo barekuriwe kwandika ivyiyumviro vyabo hano.

Shares