#ChampionsLeague Liverpool vs Tottenham: Urutonde rwabakinyi bashobora gutangura mukibuga.

Mugihe Liverpool yotahukana ico gikombe kizoba kibaye ikigira gatandatu mumateka yawo icanyuma bagiheruka muri 2005 mugihe Tottenham yoramuka igitahukana buzoba bubaye ubwambere mû mateka yawo.

Inyuma yaho Chelsea itahukaniye igikombe ca Europa League inyagiye Arsenal ibitsindo (4-1) hari kuri uyu wa gatatu hariya mugisagara ca Baku mugihugu ca Azerbaïdjan.   Kuri uyu wa gatandatu igihe c’isaha 21h00 z’ijoro hategekanijwe urukino rwanyuma rwa Champions League ruzakubera mugisagara ca Madrid mugihugu ca Espagne ku kibuga ca Wanda Metropolitano, hagati ya Liverpool imenyerezwa n’umudagi Jürgen Klopp hamwe n’umurwi wa Tottenham umenyerezwa n’umunya Argentine, Mauricio Pochettino; iyo mirwi yose uko ari ibiri ikabariyo mugihugu c’Ubwongereza.

Urutonde rwabakinyi bashobora gutanguzwa mukibuga nabo bamenyereza ku mpande zose uko ari zibiri naba bakurikira:

Tottenham: Lloris, Trippier, Alderweireld, Vertonghen, Rose, Wanyama, Sissoko, Eriksen, Alli, Son na Kane.

Liverpool: Alisson, Alexander-Arnold, Matip, Van Dijk, Robertson, Fabinho, Henderson, Wijnaldum, Mané, Firmino na Salah.

Mugihe Liverpool yotahukana ico gikombe kizoba kibaye ikigira gatandatu mumateka yawo icanyuma bagiheruka muri 2005 mugihe Tottenham yoramuka igitahukana buzoba bubaye ubwambere mû mateka yawo.

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Only Abanywanyi bonyene nibo barekuriwe kwandika ivyiyumviro vyabo hano.

Shares