#Burundi #Football: Inter Star yashize ukuguru kumwe muri Primus Ligue.

Intsinzi y'umurwi wa Inter Star yaronse, ihaye amahirwe yogushira ukuguru kumwe muri Primus Ligue Burundi aho usabwa kunganya gusa murukino rwo gusubiriza kugira ngo ugaruke mucicaro ca mbere.

Murukino rwambere  rwamajonjora rwo kurondera itike yokuduga icicaro ca mbere muri Primus Ligue Burundi rwakinywe kuri uyu wa gatandatu,  rukaba  rwabereye ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore aho umurwi wa Inter Star wari wakiriye Delta Star watsinze ibitsindo (2-1).

Delta Star niwo watanguye kwinjiza igitsindo wa Inter Star, igice ca mbere c’urukino kirangira Delta Star imenyerezwa na Karumba Jean batazira « Tigana » uri imbere n’igitsindo (1-0) bwa Inter Star. Abasore b’umumenyereza Aben aribo Inter Star bagombora ico gitsindo babikesheje umusatirizi wabo Kashilembo Issa, ndetse baronka n’igitsindo ca kabiri cinjijwe  n’umukinyi wabo w’inyuma Rugonumugabo Stéphane. Iminota mirongo icenda irarangira Inter Star ironse amanota atatu y’urukino rwambere mukurindira urwo gusubiriza,  rutegekanije itariki 8 Ruheshi uyu mwaka nyene.

Intsinzi y’umurwi wa Inter Star yaronse,  ihaye amahirwe yogushira ukuguru kumwe muri Primus Ligue Burundi aho usabwa kunganya gusa murukino rwo gusubiriza kugira ngo ugaruke mucicaro ca mbere. Ni mugihe Delta Star ubwayo  isabwa gutsinda igitsindo (1-0) kugira ngo uronke amahirwe nawo yokugaruka mucicaro ca mbere.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: