#Burundi: Uwurongoye Umuryango waba Islam Asaba Abenegihugu Kubumbatira Amahoro.
Sheikh SAIDI Abdallah yamenyeshe kandi yuko bisonzesheje Kugira igihugu gitunge, kironke amahoro.
Uwurongoye umuryango w’aba Islam COMIBU ahamagarira abanyagihugu bose kubumbatira amahoro hamwe n’abahurikiye mw’idini rya ba Islam kubandanya n’inyifato ibereye yahora ibaranga mu mafungo bahoramwo.
Sheikh SAIDI Abdallah yabishikirije kuri uyu wa kabiri inyuma y’amasengesho yo guhimbaza uwo musi mukuru waba Islam Eid El Fitr, umusi mukuru usozera amafungo y’ukwezi kwa Ramazani.
Uwo arongoye COMIBU amenyesha yuko ukuntu aba Islam baje bashajije ko ari ikimenyetso cuko basozereye ukwezi kwa mafungo ukwezi kweranda kwa Ramazani. Ngo Uku kwezi kwa Ramazani rero kukaba inkingi ya kane mu nkingi zitanu zigize idini rya Islam.
Sheikh SAIDI Abdallah yamenyesheje kandi yuko uku kwezi kwa Ramazani ari ukwezi kweranda kugira umuntu yisonzeshe gutyo rero yaba umutunzi yaba umworo bangane. Ngo kwisonzesha ntibisigura ko umu Islam aba yipfunze kurya no kunywa gusa ahubwo yifunga kumenyereza umubiri wiwe canke umutima wiwe kudakora ibicumuro.
Sheikh SAIDI Abdallah yamenyeshe kandi yuko bisonzesheje Kugira igihugu gitunge, kironke amahoro.
SAIDI Abdallah yarangije asaba aba Islam n’abarundi bose ko bogerageza kumenya yuko atari abategetsi bazozanira abarundi amahoro.
Ngo amahoro azova mu banyagihugu. Umuntu wese niyabungabunga amahoro amatora yo mu mwaka uza w’2020 azogenda neza.
0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!
Ivyiyumviro!
Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.