7.9 NGD Ads:

# Burundi#Umutekano# Igipolisi c’u Burundi Cerekanye Abasuma 3 Baheruka kwiba umupfasoni w Umurundikazi.

Igipolisi c’uburundi cerekanye kuri uyu wa kabiri abantu batatu bivugwa ko ari abasuma bafashwe mu ntango z’ukwezi kwa gatandatu bahejeje kwiba umukenyezi yaragiye kurema isoko mu gihugu ca Tanzania.

Icegera c’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano MOISE NKURUNZIZA avuga ko bafashwe mu mishamirano yabaye hagati y’uwo murwi n’abajejwe umutekano aho hapfuye batatu muri bo.

Moise NKURUNZIZA akavuga ko hari kw’igenekererzo rya mbere za kuno kwezi kwa gatandatu umwaka w’2019 mu bucacucagu aho umugwi w’abantu umunani bari bitwaje inkoho imwe yo mu bwoko bwa Kalashnikov n’imipanga bategera umudame NDUHIRUBUSA Mélanie aho yaragiye mw’isoko mu gihugu kibanyi ca Tanzania baramwambura ivyo yarafise vyose bongera bamutwara n’amahera yari afise ibihumbi 206 vy’amashilingi yico gihugu ca Tanzania.

Ngo uyo muntu yaranyarutse gutabaza abajejwe umutekano mbere baca barakorana hamwe n’igihugu kibanyi ca Tanzania. Baragerageje kurasa n’abajejwe umutekano aho muri abo hapfuyemwo batatu.

Moise NKURUNZIZA yamenyesheje yuko muri uyu mwanya nyene haciye hafatwa abandi batatu bo muri uwo mugwi. Akaba ari abo berekanywe.

Moise NKURUNZIZA yamenyesheje kandi yuko hariho uwundi agira indwi yafatiwe mu gihugu ca Tanzania kibanyi barindiriye yuko ashikirizwa i gihugu c’u Burundi. Ngo rero muri uyo mugwi hasigaye umuntu umwe niwe atarafatwa.

Moise NKURUNZIZA yarangije agabisha abantu bose bibaza ko bashobora gutora ikirwanisho ku mvo iyariyo yose kugira ngo bahungabane umutekano w’abene gihugu, ko inzego z’umutekano ziri maso kandi ko gushika ubu imigwi nkiyo ari kuyituza burundu kugira ngo abarundi n’abarundikazi eka n’abanyamahanga baba mu Burundi baronke amahoro n’umutekano.

7.3 MTM Ads:

About Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

Check Also

Igikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu: Inkino zigice ca kabiri.

Umurwi wa Bumamuru FC usanzwe ufise igikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu co mu mwaka uheze uzotana …

Magara Young Boys tupaaaaa? Ndaniiiiii.

Magara Young Boys tupaaaaa? Ndaniiiiii. Ubwo n’ubutumwa bwo gukeza umurwi wa Magara Young Boys buhejeje …

7.2 NGD Ads: