#Burundi #Football: Amakuru yigura nigurishwa mu Burundi.

Vital'O FC na Rukinzo FC imaze gushikana abakinyi batari bake.

Imirwi yo mucicaro ca mbere irabandanya igura abakinyi mukwitegurira ihiganwa rya Primus Ligue ryo mû mwaka uza.

Umurwi w’igiporisi c’Uburundi, Rukinzo FC kuri uyu wakane warashize ahabona amazina yabakinyi 3 baje bava mû murwi wa Aigle Noir basinye amasezerano y’imyaka ibiri ibiri abo nabo ni: Hakizimana Héritier umukinyi wo kuruhande rw’iburyo, Séraphin Hakizimana hamwe n’umusatirizi Cédric Titi Mavugo.

Kurundi ruhande, Vital’O FC nawonyene ntiwicaye aho umaze kugura abakinyi bashika kuri batanu, abo nabo ni ni: Ndizeye Thomson umusatirizi wo kuruhande rw’iburyo n’ibubamfu wa kera wa Lydia Ludic yahora akinira umurwi wa Vipers wo mugihugu c’Ubugande, Ndayikengurukiye Fabrice umukinyi w’inyuma  asanzwe akinira umurwi wa Inter Star, Uwimana Trésor umusatirizi yahora muri Flambeau De l’est aje gusubirira Sudi Abdallah ari munzira yo kwimukira mû mirwi yo mukarere, Nahimana Moussa na Nsegiyumva Yves abo bakinyi babiri bahora mu murwi wa Bumamuru FC. Hambavu yabo bakinyi hariho abandi bamaze gusinya amasezerano yo kuguma muri Vital’O FC abo nabo ni Nahimana Claude, Nimubona Vianney na Dusabe Olivier.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: