#Burundi #Football: Uwahoze ari kizigenza wa Les Lierres FC yasinye muri Musongati FC.

Bigirimana Roger asinye muri Musongati FC mugihe les Lierres FC iherutse gushira ahabona izina ryuwo mukinyi murutonde rw'abakinyi izokoresha mû mwaka uza.

Umukinyi wo gahati yahora ari na kizigenza w’umurwi wa Les Lierres FC, Bigirimana Roger yasinye amasezerano yo gukinira umurwi w’igikundiro c’abanyagitega Musongati FC.

Bigirimana Roger yasinye amasezerano y’imyaka 2 yo gukinira umurwi wa Musongati FC. Roger aje kwiyongera kubandi bakinyi bashika kuri munani bamaze gusinya amasezerano yo kukinira umurwi wa  Musongati FC abo nabo ni:

Nduwimana Ibrahim umunyegori (Aigle Noir)

Intwari Eddy Umukinyi wohagati (Aigle Noir)

Ayubu Ndayishimiye umukinyi w’inyuma (Ngozi City)

Irakoze Amissi Leo umusatirizi (Ngozi City)

Rukundo Benjamin umukinyi asatira avuye kuruhande (Flambeau De L’est)

Hakizimana Issa umusatirizi (Flambeau De L’est)

Omar Kabuzi umukinyi wohagati (Athletico Olympic)

Bonfils Kahindo (Athletico Olympic)

Bigirimana Roger asinye muri Musongati FC mugihe les Lierres FC iherutse gushira ahabona izina ryuwo mukinyi murutonde rw’abakinyi izokoresha mû mwaka uza.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: