#Burundi #Football: Inter Star iragarutse muri Primus Ligue.

Inter Star uhambije imirwi ya Top Junior na BS Dynamik mukuduga muri Primus Ligue.

Umurwi wa Inter Star uhejeje kuronka uburenganzira bwo kuzokina icicaro ca mberemwihiganwa Primus Ligue Burundi. Ni nyuma yaho uganirije n’umurwi wa Delta Star (0-0) kuri uyu wa gatandatu rwabereye  kukibuga citiriwe umuganwa  murukino rw’amajonjora yokurondera ikibanza ca gatatu. Inter Star yari yaratsinze Delta Star (2-1) murukino rwa mbere.

Inter Star iciye ihamvya imirwi ya Top Junior wo mu ntara ya Kayanza hamwe na BS Dynamic wo mugisagara ca Bujumbura nayo nyene yari yamaze kuronka ubwo burengazira kuko yari yarabaye iya mbere mu matsinda yayo.

Iyo mirwi uko ari itatu ije gusubirira, Flambeau De L’est, Athletico Olympic hamwe na Messager Bujumbura yakorotse icicaro.

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: