#Burundi #Football: Abakinyi batatu bamaze kurekurwa icese na Aigle Noir ngo bimukire muyindi mirwi.

Hakizimana Héritier, Séraphin Bigirimana na Souleymane Moustapha nibo bonyene Aigle Noir imaze guha uburenganzira bwo kwimukira ahandi.

Umurwi wa Aigle Noir uzoserukira Uburundi mu nkino zimirwi yatahukanye igikombe iwabo yo mubihugu vyabo muri Afrika (CAF Champions League) wamenyesheje  ko umaze guha uburenganzi abakinyi batatu gusa bwo kwimukira muyindi mirwi nkuko vyamenyeshejwe n’umuvugizi  wuyo murwi, Fabrice Niragira. Abo bakinyi bahawe uburenganzira bwo kwimukira muyindi mirwi ni: Hakizimana Héritier, Séraphin Bigirimana baguzwe n’umurwi w’igiporisi c’Uburundi Rukinzo FC hamwe nuwahoze ari kizigenza wa Aigle Noir Souleymane Moustapha yaguzwe n’umurwi wa Young Africans wo mugihugu ca Tanzania.

Aigle Noir ikaba imenyesheje ivyo inyuma yaho hagaragariye amafoto yabakinyi bayo nka Mabano Shaban yariko arasinya amasezerano yogukinira umurwi wa Les Lierres FC hamwe na Cédric Titi Mavugo nawe yasinye amasezerano yo gukinira Rukinzo FC.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: