#Burundi: Ikibazo Gitanga Uburenganzira Bwo Kuja Mu Gice Ca Kabiri c’Ishure Nshingiro.

Kuri uno wa kabiri niho hatangura mu gihugu cose ikibazo gitanga uburenganzira bwo kubandanya igice ca kabiri c’ishure nshingiro ku rwego rw’igihugu.

kw’ishure ryisumbuye ryo ku musaga aho twashika twasanze abanyeshure batanguye gukora ikibazo. Umuyobozi w’iryo shure, umupfasoni Frédérique NTANDIKIYE yatumenyesheje yuko ku banyeshure 435 bari bitezwe gukora ico kibazo kuri iryo shure, 6 nibo batatonze ku nvo nawe nyene atashoboye kumenya.

Icibonekeje kuri iryo shure nyene ni umunyeshure yatonze atari yandistwe ariko yerekanye urupapuro rumwemerera gukora akaba yahavuye aronswa inumero co kimwe n’abandi.

Amashure atatu yiyongera kuri iryo shure yakoreye ikibazo ni shure les chérubins, Nouvelle Référence hamwe na New School.

Irindi shure twagendeye n’ishure ry’akarorero ryo mu ngagara. Ku banyeshure 296 bari bitezwe gukorera kuri iryo shure, umwe wenyene niwe atatonze. Kuri iryo shure ry’akarorero ryo mu ngagara hahuriye ayandi mashure atatu ariyo ECOFO quartier ya kane yo mu Ngagara, ishure ryitiriwe la Fontaine, hamwe n’iryitiriwe Amitie, yose hamwe akaba ari amashure ane.

Ndayizeye Yollande ahagarariye ico kibazo cakorewe kuri iryo shure yatumenyesheje  ko muri rusangi ikibazo cagenze neza kuko catanguriye ku gihe.  Yollande akavuga ko akabazo kashoboye kuboneka ari kamwe aho abanyeshure bamwe bamwe babaha impapuro zidatonze neza, hakaja hejuru urutegekanijwe kuja hasi, gaca kaba akabazo gategerezwa kubanza kwigwa kugira ngo bashobore kubaha uzindi kugira bakore neza.

Ico kibazo kimaze kurangira twavuganye n’umwe mu banyeshure bagikoze. Uwo munyeshure akavuga ko ikibazo cagenze neza cane kuko babahaye umwanya ukwiye.

Tubamenyeshe yuko ico kibazo catanguye kuri uyu wa kabiri kizohera kuri uyu wa kane. Abanyeshure  barenga ibihumbi 90 nibo bariko barakora ico kibazo ku rwego rw’igihugu nkuko vyashikirijwe n’ubushikiranganji bw’indero.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: