Chelsea : Ikiguzi c’umumenyereza Frank Lampard cashinzwe.

Derby Country isaba amafaranga atari make kugira ngo yikure umumenyereza wayo Frank Lampard yipfuzwa na Chelsea.

Umurwi wa Chelsea uriko urarondera umumenyereza yozagusubirira Maurizio Sarri ari munzira yo kuja mu murwi wa Juventus. Chelsea umaze gutangaza amazina menshi y’abamenyereza harimwo ni ry’umukinyi wabo wa kera wo hagati, Frank Lampard muboje gufata ikibanza cuyo mu mu Tariyano. Ari munzira yokuwuvamwo akigira muri Juventus inyuma yo kuwufasha gutahukana igikombe ca Europa League.

Ikinyamakuru Sky Sport kivuga ko kugira Chelsea ironke umumenyereza wubu wa Derby Country ariwe Frank Lampard utegerezwa gutanga ikiguzi c’imiriyoni 4,5M€ zamanyaburaya, kugira ngo Derby Country yemere kurekura uyo mugabo w’Umwongereza yawugejeje mu nkino z’amajonjora yo kuduga icicaro ca mbere (Premier League) nubwo bitakunze.

Ico kinyamakuru nyene kivugako Chelsea itipfuza gutanga ayo mafaranga kiretse ko abarongoye The Blues berekanye ishaka ryuko bipfuza cane Lampard kuko bari bamaze no kuvuga izina ry’umumenyereza Ralf Rangnick kuri uyu wa gatandatu.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: