#Burundi: Rusansuma Kubijanye n’Uburimyi n’Ubworozi Mu Mwaka W’2022.

Rero ngo u Burundi butegerezwa kuronka ivyo biharuro kugira ngo vyerekane yuko mu Burundi bashobora kurima, bakanaronka ivyo bafungura nivyo bashobora kudandaza hamwe n’ivyo barungika hanze y’igihugu.

Nkuko bimenyeshwa  na Nicolas NDAYISHIMIYE, umuyobozi mukuru w’ikigo kijejwe kwegeranya ibiharuro ISTEEBU, iyo rusansuma mu bijanye n’uburimyi n’ubworozi  izoba mu gihe hazoba hariko hatunganywa rusansuma y’abenegihugu bose. Nicolas NDAYISHIMIYE akaba yabimenyesheje kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 17 Ruheshi  umwaka wa 2019  mu ruganda rwo guhanahana ivyiyumviro rwahuje abahinga  bo mu bihugu vya Africa bivuga ururimi rw’igifaransa.

Umuyobozi mukuru wa ISTEBU, Nicolas NDAYISHIMIYE akavuga ko akamaro k’ibiharuro na cane cane mu vy’uburimyi n’ubworozi ari nyamukuru mu gihe igihugu c’uburundi ahanini gitunzwe n’uburimyi n’ubworozi.

Rero ngo Igihugu gitegerezwa kuronka ivyo biharuro kugira ngo abantu bose bafata ingingo, umuntu wese ashaka kuza gufasha mu bijanye n’uburimyi n’ubworozi aronke ibiharuro akorerako.

Nicolas NDAYISHIMIYE agasigura yuko abarundi bategerezwa kurima kugira baronke ivyo barima nivyo bashora.  Rero ngo u Burundi butegerezwa kuronka ivyo biharuro kugira ngo vyerekane yuko mu Burundi bashobora kurima, bakanaronka ivyo bafungura nivyo bashobora kudandaza hamwe n’ivyo barungika hanze y’igihugu.

Nicolas NDAYISHIMIYE yarangije  avuga ko akamaro k’ibiharuro bijanye n’uburimyi n’ubworozi ari ntangere mu buzima bw’igihugu kubera ko ingo hafi 90 kw’ijana  zibayeho kubera  ukurima n’ukworora.

Tubamenyeshe yuko Kuva u Burundi bubaho ata rusansuma mu bijanye n’uburumyi n’ubworozi yaribwakorwe.

Urwo ruganda rwatanguye uno musi rukaba ruzomara imisi itanu.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: