Real Madrid: Vinicius Jr ati: Nibaza yuko Mbappé azoza.

Vinicius Jr yipfuza Mbappé muri Real Marid.

Sibinyegezwa ko umurwi wa Real Madrid ushimishwa n’umusatirizi wa Paris Saint Germain, Kylian Mbappé w’imyaka 20 yamavuko. S’umurwi wa Los Blancos gusa ushimiswa nuwo mufaransa,  n’umukinyi akiri muto wuyo murwi  Vinicius Jr w’imyaka 18 nawenyene nuko.

Mukiganiro yahaye imboneshakure Téléfoot uyo musatirizi wa Real Madrid umunya Brésil Vinicius Jr ntiyahishije ko akunda Mbappé ndetse abonako mû munsi y’imbere uyo musore azokinira umurwi wa Real Madrid asanzwe akinamwo. Vinicius Jr yagize ati:

« Nibaza yuko abakunzi b’imirwi yose bipfuza Mbappé mu murwi yabo.  Ntituzinanye ariko turavugana kuri Instagram. Ndamukunda cane. Amaze gutahukana ubushimwe bwinshi.   Mugihe yoramuka aje ngaha vyoba vyiza kuko abantu bose baramukeneye ngaha (Real Madrid) ».

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Only Abanywanyi bonyene nibo barekuriwe kwandika ivyiyumviro vyabo hano.

Shares