#Espagne #FCBarcelone : Neymar ngo yoba amaze kwemeranya nuwo murwi.

Igisigaye kumenya nuko FC Barcelone izokwemera gutanga imiriyoni 300 zamanyaburaya zisabwa na Paris Saint Germain kugira ngo urekure Neymar canke Barça izohava itanga bamwe mubakinyi bayo ngo baje muri Paris Saint Germain.

Kuri uyu wa kabiri, ikinyamakuru Sport cegamira umurwi wa FC Barcelone cazindutse kimenyesha ko uyo murwi umaze kwemeranya n’umunya Brésil akinira umurwi wa Paris Saint Germain Neymar w’imyaka 27.

Muvyo Barça yemeranije nuwo mukinyi nkuko Sport kibandanya kibivuga nuko Neymar yemeye kugabanya umushahara asanzwe ahembwa muri Paris Saint Germain w’imiriyoni 30 zamanyaburaya ku mwaka ukaja ku miriyoni 24 zamanayaburaya ku mwaka hambavu yivyo ngo Neymar yoba yemeye guhebera umurwi wa FC Barcelone akarusho k’imiriyoni 30 zamanyaburaya batamuhaye mu mwaka 2017 igihe yafashe ingingo yo gutandukana nuwo murwi.

Naho ico kinyamakuru caramutse candika uko igisigaye kumenya nuko FC Barcelone izokwemera gutanga imiriyoni 300 zamanyaburaya zisabwa na Paris Saint Germain kugira ngo urekure Neymar canke Barça izohava itanga bamwe mubakinyi bayo ngo baje muri Paris Saint Germain.

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Only Abanywanyi bonyene nibo barekuriwe kwandika ivyiyumviro vyabo hano.

Shares