#Angleterre: Manchester United yasinyishije Aaron Wan-Bissaka.

Amafaranga Wan-Bissaka yaguzwe ntiyamenyeshejwe ariko ibinyamakuru vyo mugihugu c'Ubwongereza bivuga ko Manchester United woba watanze imiriyoni 55 zamanyaburaya.

Nkuko vyari vyitezwe iminsi itari mike, kuri uyu wa gatandatu niho vyahavuye bija ahabona ko umurwi wa Manchester United usanzwe ukina icicaro ca mbere mugihugu c’Ubwongereza (Premier League), wasinyishije amasezerano yokuwukinira y’imyaka itanu, umukinyi wo kuruhande rw’iburyo, Aaron Wan-Bissaka w’imyaka 21 yahora akinira umurwi wa Crystal Palace.

Amafaranga Wan-Bissaka yaguzwe ntiyamenyeshejwe ariko ibinyamakuru vyo mugihugu c’Ubwongereza bivuga ko Manchester United woba watanze imiriyoni 55 zamanyaburaya.

Mwomenyako Aaron Wan-Bissaka asanzwe afise amamuko y’ibihugu bibiri Ubwongereza na Congo RDC.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: