#Espagne #RealMadrid: Christian Eriksen ariko arondera inzu mugisagara ca Madrid !

Christian Eriksen yoba agiye kwimukira i Madrid?

Mugihe bivurwa ko ibiganiro umurwi wa Real Madrid wo mugihugu ca Espagne uriko ugirana n’umurwi wa Manchester United wo mu Bwongereza bitariko bigenda neza, mugihe kandi ivyo kurondera umukinyi wo hagati wa Tottenham, Christian Eriksen umunya Danemark bitakivurwa, ikinyamakuru The Times ca Bongereza canyeguruye ko Eriksen ariko ararondera inzu yo kubamwo mugisagara ca Madrid.

Ico kinyamakuru kibandanya kivuga ko ivyo kurondera inzu murico gisagara kuruyo mukinyi bidasigura ko Christian Eriksen yoba agiye kwimukira mu murwi wa Real Madrid ubu vuba ariko kivuga ko ibiganiro hagati y’umurwi wa Real Madrid na Tottenham vyoba bimaze gutera intambwe nziza.

Mwomenya yuko Tottenham isaba imiriyoni 100 zamanyaburaya kuri Christian Eriksen w’imyaka 27 mugihe amasezerano afitaniye na Tottenham azorangira mu mwaka wa 2020.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: