#France #Brésil : Neymar yasubiye gutangura imyimenyerezo.

Neymar yerekanye aka video ko yasubiye gutangura imyimenyerezo.

Umusatiri w’umurwi wa Paris Saint Germain, Neymar Junior umunya Brésil yari yakomeretse kw’ijisho ry’ikirenge mu ntango zo mukwezi kwa gatandatu muruno m’2019, yasubiye gutangura imyimenyerezo icese, naho ikiringo yahawe cokumara indwi zine adahonyoza ikirenge mukibuga kitararangira.

Uyo musatirizi wa kera w’umurwi wa FC Barcelone wo mugihugu ca Espagne yerekanye aka vidéo kumbuga ngurukana bumenye ariko aragira imyimenyerezo aho avuga ko ubu ameze neza.

Mwomenya yuko Neymar bibandanya bivurwa ko ashobora kugaruka muri Barça ndetse na Paris Saint Germain ikaba imaze kumenyesha ko umurwi uwariwo wose wipfuza Neymar utegerezwa gutanga imiriyoni 300 zamanyaburaya kugira ngo umutange.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: