#Burundi #Football : Saido Ntibazonkiza yinjije igitsindo murukino rwahuje Vital’O FC na Rukinzo FC.

Saido Ntibazonkiza yamenyesheje ko vuba tugiye kumenya umurwi wiwe mushasha.

Murukino rwa kivandimwe rwahuje umurwi wa Vital’O FC na Rukizo FC kuri uyu wa gatatu ku kibuga « Intwari » ikibuga cahoze citwa « Umuganwa Rudoviko Rwagasore », urukino rwarangiye ku ntsinzi y’umurwi wa Vital’O FC kugitsindo (1-0) Rukinzo FC, Igitsindo cinjijwe n’uwahoze ari kizigenza w’Intamba Murugamba Saido Ntibazonkiza mugice ca kabiri c’urukino.

Igice ca mbere curwo rukino caraheze imirwi yose iganije (0-0). Mugice ca kabiri, umumenyereza Jean Gilbert Kanyenkore batazira « Yaoundé  » yinjiza Saido Ntibazonkiza yari yambaye mu mugongo inimero itamenyerewe cane (7) mugihe hamenyerewe ko yamabara inimero (10) hamwe n’igitambara c’ubukizigenza ku kuboko kwiwe nkuko bisanzwe aho yakinye imonota 45 gusa maze arinjiza igitsindo kimwe cahaye intsinzi Vital’O FC utsinze umurwi w’igiporisi c’Uburundi Rukinzo FC.

Inyuma y’urukino twamwegereye kugira ngo tumubaze utubazo dutandukanye na cane cane kuvyerekeye umurwi agiye kubandanyirizamwo ivyo gukina umipira, yatumenyesheje ko ubu vuba azoshira ahabona umurwi azokinira mu mwaka uza w’inkino.

Twobibutsa yuko, Saido Ntibazonkiza w’imyaka 32 amaze imyaka 2 ata murwi afise inyuma yo guca mu murwi wa FC Kaysar wo mugihugu ca Kazakhstan hari muri 2017.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: