#Burundi #Rwanda: Irakoze Saidi yasinye mu murwi wa Rayon Sports.

Umurwi wa Rayon Sports wasinyishije usatirizi yarangije afise ibitsindo 19 mw'ihiganwa rya Primus Ligue mu mwaka uheze.

Umusatirizi w’Intamba Murugamba zabatarenza imyaka 20 hamwe n’umurwi wa Musongati FC w’i Gitega, Irakoze Saidi batazira « Desailly » yasinye amasezerano y’imyama ibiri yo gukinira umurwi wa Rayon Sports batazira « Gikundiro ».


Irakoze Saidi yarangije ihiganwa rya Primus Ligue Burundi ryo mumwaka w’inkino uheze  afise ikibanza ca kabiri c’abatsinze ibitsindo vyinshi, ibitsindo 19.

Saidi asanze uwundi mukinyi w’Umurundi asanzwe akinira Gikundiro, ariwe Ulimwengu Jules. Ni mugihe, Rayon Sports nawo umaze kumushira murutonde rw’abakinyi ugiye kwifashisha muri CECAFA Kagame Cup.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: