#Burundi #Rwanda: Icatumye Moussa Muryango adakinira Rayon Sports.

Moussa Muryango yahakaniye Rayon Sports yuko we ati umukinyi wokugerageza.

Kizigenza w’Intamba Murugamba zabatarenza imyaka 23 hamwe n’umurwi wa Vital’O FC asanzwe ari umukinyi w’inyuma muriyo mirwi,  Moussa Muryango ntivyabaye bigikunda ko aguma mugihugu c’Urwanda aho yaragiye kuvugana n’abasanzwe barongoye umurwi wa Rayon Sports kugira ngo azowukinire mu mwaka uza.

Icatumye  uyo mukinyi wa kera wa Inter Star ataguma muri Rayon Sports nuko abasanzwe barongoye uyo murwi bamusavye kubakinira kugira ngo babanze barabe uko akina (igeragezwa) babishimye baheze bamuhe igice c’amafaranga bari kumugura kindi bazokimuhe hanyuma, Moussa Muryango avyamirira kure yishura abo barongoye Rayon Sports ko we atari uri umukinyi aje mwigerageza ndetse ivyo vyogutanga igice c’amafaranga navyo nyene aravyanka, nkuko tubikesha umwe mubegereye uyo mukinyi.

Moussa Muryango akimara gushika i Bujumbura avuye mu Rwanda yaciye akubitira ku kibuga « Intwari » icahoze citwa « Umuganwa Rudoviko Rwagasore » kuraba urukino rwa kivandimwe rwariko ruhuza umurwi wiwe wa Vital’O FC na Rukinzo FC (1-0) niko guca tumubaza kuvyayo makuru aho adahakana ayo makuru ndetse avugako  batigeze bumvikana na Rayon Sports nico gituma yashimye kwigarukira muhira.

Twobamenyesha yuko umurwi wa Rayon Sports wasinyishije umukinyi w’inyuma yahora akinana na Moussa Muryango mu murwi wa Vital’O FC Samuel Ndayizeye.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: