#Burundi #Football: Ninde azomenyereza umurwi wa Musongati FC?

Musongati FC iriko irondera abamenyereza bashika kuri batanu harimwo Jean Jacques Eydelie.

Ninde azomenyereza umurwi wa Musongati FC wo mu ntara ya Gitega? Ni kimwe mubibazo abasanzwe barongoye umurwi wa Musongati FC bamaze imisi biganirako nkuko tubimenyeshwa numwe mubegereye uyo murwi.

Ayo makuru nyene arabandanya atumenyesha ko amazina y’abamenyereza batanu ariyo avurwa ko umwe murabo ashobora guhabwa amabanga yo kumenyereza uyo murwi usanzwe ukunzwe cane i Gitega. Murabo bamenyereza hari umwe mubamaze gusaba umurwi wa Musongati FC ko bamukotera inzu y’ivyumba bitatu azokwimukirwo we n’umuryango wiwe, nkuko ayo makuru nyene abandanya abitumenyesha.

Ivyo gukotesherezwa inzu y’ivyumba bitatu kuruyo mumenyereza bituma twibaza ko uyo mumenyereza atari uwongaha mugihugu c’Uburundi kuko benshi mubamenyereza bamenyereza imirwi yo mu ntara hagati benshi nta miryango yabo badugana ruguru canke ngo babe munzu z’ivyumba vyinshi.

Ayandi makuru avuga ko umumenyereza yahoze amenyereza Messager Ngozi FC, Umufaransa, Jean Jacques Eydelie ngo niwe ashobora kuzohabwa amabanga yo kumenyereza Musongati FC.

Twagerageje kurondera, Umuyobozi w’ubuhinga (Directeur Technique) wa Musongati FC, Nugu Lewis ntiyahakanye ko umurwi wabo umaze iminsi uvugana n’abamenyereza batandukanye ariko ivya Jean Jacques Eydelie yavyamiriye kure ariko yatumenyesheje ko ubu vuba Musongati FC izoshira ahabona uwuzoyimenyereza mu mwaka uza w’inkino za Primus League Burundi.

Twobamenyesha yuko umurwi wa Musongati FC mu mwaka uheze wamenyerejwe n’abamenyereza babiri, Nahimana Hussein Welo yawumenyereje igice ca mbere c’ihiganwa aca arawuvamwo giturumbuka asubirizwa na Nimubona Thierry azwi kwizina rya « Shombe ».

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: