#Burundi #Tanzania #BreakingNesws: Umurundi yahawe amabanga yo kumenyereza umurwi nserukiragihugu wa Tanzania.

Etienne Ndayiragije agiye kumenyereza Taifa Stars hambavu yo kuba amenyereza Azam FC.

Umumenyereza w’umurundi Etienne Ndayiragije asanzwe amenyereza umurwi wa Azam FC wo mu gihugu ca Tanzania yahawe amabanga yo kumenyereza umurwi nserukira gihugu wa Tanzania Taïfa Stars ivyimfata kibanza, inyuma yoho utandukaniye nuwahora awumenyereza  n’umunya Nigeria Emmanuel Amunike, inyuma yaho usezerewe ata nota  na rimwe uronse  mugikombe ca CAN 2019 kiriko kibera mugihugu ca Misiri.

Etienne Ndayiragije azofashanya murayo mabanga  na Juma Mgunda amenyereza Coastal Union hamwe na Suleiman Matola icegera c’umumenyereza w’umurwi wa Polisi yo muri Tanzania.

Twobamenyesha yuko Etienne Ndayiragije asanzwafise urupapuro rw’umutsindo A rutangwa na CAF.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: