#Burundi #Football: Inkino zakivandimwe, Vital’O FC na Musongati FC zaratsinzwe, Olympic Star iratsinda.

Inkino zakivandimwe zakinywe mpera zino ndwi.

Imirwi itandukanye izokina ihiganwa rya Primus League Burundi mu mwaka w’inkino w’ 2019-2020 iri munkino zokwitegurira iryo higanwa.

Kuri uyu wa gatandatu uheze, umurwi wa Vital’O FC waratsinzwe n’umurwi wa BS Dynamik (2-0) hari ku kibuga Intwari.

Kuri uyu w’Imana naho hariya i Gitega ku kibuga Ingoma, umurwi w’igiporisi c’Uburundi Rukinzo FC warahatsindiye Musongati FC (2-0).

Hariya i Muyinga ku kibuga Umuco, Olympic Star ihatsindira umurwi wa Ngozi City (3-1).

Twobamenyesha yuko ihiganwa rya Primus League Burundi rizotangura icese umwaka waryo w’inkino w’2019-2020 mu kwezi kwa Myandagaro.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: